Iyo nama yari ishimikimeye k’uburyo bwo guhanahana amakuru, gutorera inyishu amatati n’ico Abo bitanga bagiye gukora.
Hakoreshejwe umwimenyerezo w’umunsi w’amasaha 24, abitabiriye inama barerekanyeko abagore bakora amasaha 5 arenga kuyo abagabo. Kuja mu ma bara, amaligala bituma haseseka umwimbu wo mu muryango ndende hakava n’ingeso yo guharika.
Harrimana Séraphine wo Ku mutumba Nyabitaka avuga ati: ” umwimenyerezo wo kuraba amosha aba mu kibano wanyuguruye amaso, ugiye kumfasha gutahuza Abo Ku mutumba iwacu iyo amosha ava n’uko boyakinga hakiri kare kugira dukingire impanuka zishobora kuhaba.”
kuronka aho barima, kwitabira amashirahamwe amashirahamwe yo kuziganya no kugira ana hamwe, kumenya kugira isuku no gushira abana mu mashure babikesha umugambi wa Terintambwe.
Kugura ibitungwa bigapfa canke bikibwa, ihinduka ry’ikirere, konona imfashanyo ya cash transfer biri mu ntambamyi zabaye mu kiringo c’amezi 6 aheze hari abafashwa n’umugambi wa Terintambwe kugirango bave mubukene burundu.
Izo nyigisho zatunganijwe inyuma yaho habaye iyahuje abakuru b’imitumba n’aborosha kw’igenerezo rya 14 na 15 ndamukiza 2021.
#Bubanza #Gihanga