Emmanuel Harerima na Hakizimana Clémance,ni rumwe mu ngo 20 kuri 30 zagendewe n’abari mu mashirahamwe yo ku mutumba Gashikanwa muri komine Gashikanwa intara ya Ngozi kandi zigahinduka bivuye ku nyigisho.
Barashima impanuro baronse biciye kuri abo bo mu mashirahamwe aho bashoboye kubafasha guhindura ingendo bagatorera inyishu ukudahuza kwari hagati yabo aho umugabo ataha uburenganzira umugore wiwe ngo nawe aje hamwe n’abandi mu mashirahamwe kuko yiyumvira ko muri ayo mashirahamwe babigisha ivyo kuganza abagabo babo.
Umugabo arashima ko yahavuye atahura akamaro kayo mashirahamwe ndetse ko n’iterambere bagezeko barikesha ayo mashirahamwe kuko batse ingurane barakora imigambi y’uburimyi, kworora inka, impene n’ibindi. Uyo mugabo ndetse akavuga ko yashoboye gutorwa mu barongoye umutumba inyuma yo kubona ko yahindutse asigaye afata neza umugore wiwe.
Mpawenimana Muhamedi, umwe mu baremeshakiyago b’abakanguriramahoro bahawe inyigisho na GLID avuga ko kuri uwo mutumba Gashikanwa ingo bagendeye bagerageza bakabereka uko bakwiye kubana bumvikana kandi ngo vyarafashije cane.
Ahanini ivyatuma batumvikana wasanga ari amatati afatiye ku matungo,umugabo aronse amahera, umugore nawe akaronka ayandi bakanka gushira hamwe ,umwe wese akumva ko ari rwiwe ngo ayakoreshe uko avyipfuza