Ugufashanya mu kibano ngo biri mu bikomeza ikibano.Ivyo nivyo vyatumye ababa kumutumba Kinyami muri komine n’intara ya Ngozi bunga ubumwe muvyo gufashanya.Uwugize ikibazo akabura umuntu adashoboye kuronka amahera y’isandugu ntibemera ko hakoreshwa ikirago ahubwo baca bamufasha kuriha isandugu, bakamuba hafi mukuriha uburyo bwose bukenewe haba gukaraba ndetse nibikurikira bikenewe mu kigandaro. Hagize uwurwara akaja mu bitaro akabura amahera yo kuriha baramurihira agataha. Ibindi bikorwa ni nko kugurira amakarata yo kwivuza (CAM) ba ntahonikora kugira bivuze vyoroshe.
Muri iyo ntumbero nyene yo gufashanya, hariho umupfakazi inzu yononekaye, ubu bariko bitunganya kugira bamwubakire iyimeze neza.
Uwo mugambi wo gufashanya ukaba watanguriye mu mashirahamwe yo kuri uwo mutumba asanzwe ashigikirwa n’ishirahamwe GLID hanyuma bamwe mundongozi zayo mashirahamwe babonye bifasha mu kibano baca basaba uburongozi bw’umutumba ko vyokorwa kumutumba wose kugira bantahonikora bagize ikibazo baze barafashwa. Uwurongoye uwo mutumba iciyumviro yaciye agifata nkankama haca hashigwaho na compte muri bank aho umunyamutumba wese yoza araterera ibihumbi 2 ku kwezi.Nestor NDIKUMANA arongoye uwo mutumba avuga ko ico ciyumviro hari abatari bake bamaze kucumva ariko hakaba nabandi batarabitahura, ngo barabandanya guhimiriza kugira uwutanga iyo ntererano abikore kugushaka. Kuva batanguye uwo mugambi ngo baramaze gufasha ba ntahonikora 25