GLID

Great Lakes Inkingi Development

uwu mugabo ati « nari mfise ibikomere biteye ubwoba ariko narabivuwe »

Nari meze nk’ igikoko co mw’ ishamba. Petronie Ndabarushimana twari twubakanye ariko twari tubanye nk’ ibikoko.

Ntawahuza n’ uwundi, ntitwayaga. Twubakanye mu mwaka wa 1987.

Vyaragize ingaruka ku bana bacu

Abana bacu bambona nk’ uko ntari umuvyeyi wabo. Ivyo narondera narabinyegeza abana bacu.

Jerome Nyandwi avuga ko intandaro y’ ivyo vyose kwari ukubura ikiyago. Umukenyezi wiwe asavye ikintu abona ko ata buryo buhari, uwo mugabo avuga ko imishwano yaba itanguye.

Petronia Ndabarushimana avuga ko bamaze kwubakana umugabo yamuhindutse aratangara. Nta co yamubonamwo. Uwo mukenyezi avuga ko bati babanye nk’ ibikoko. Ati nta na kimwe yanerwa co mu muryango.

Abashingantahe bari barushe kuko twama mu nduru, twama tubahamagara ngo badutunganirize.

Ubu ibikomere vyakize

Uwo muryango uvuga ko ubwa mbere wari wabaye iciro ry’ umugani, ababanyi bama barindiriye ko ataha kugira ngo bumve induru zivuga.

Inyuma yo kuronswa inyigisho zifatiye ku guhinduka, izo mpande zose zirashima.

Jerome Nyandwi avuga ko umukenyezi wiwe ubu amushuhiriza amazi, iyo atashe akamwakira.

Umukenyezi Petroniya ati ubu tugiye mu busaswa turabumbatirana, ariko mu misi iheze ubusaswa wamengo burimwo amahwa.

Uwu muryango wo ku mutumba Kibavu, muri komine Matongo mu ntara ya Kayanza ufise abana batanu. Uvuga ko inyigisho wahawe zatumye uhinduka uriko urazitanga no mu kibano cawo kugira ngo abandi bahinduke.

Bafatiye ku vyo bamaze kubona, bemeza ko:

– Kutagira ikiyago mu rugo ari nko kuba mu muroro

– Kugira ikiyago mu rugo ni nko kuba mw’ ijuru

Kubwa Jérome na Peteroniya, ikiyago mu rugo ni karahara mu ruganda ntibacure. Ariko vyose akavuga ko abikesha inyigisho z’ urugendo rw’ ihinduka zatanzwe na GLIDCARE International Burundi#Burundi