Marie Goreth Ndayishimiye, ni umukenyezi w’ imyaka 29. Aba ku mutumba wa Gahombo, muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza. Nk’ umuyabaga, yariyumviriye ico yokora gishobora kumuteza imbere, yiyumvira n’ aho yogikorera. Goreth yaciye ahitamwo gukora ibitumbura n’ imikate, akabikorera hafi y’ ivuriro rya Gahombo nk’ uko yabitwiganiye.
Agira ati : « Abagwaje ababo bama bakenera ibitumbura n’ imikate, co kimwe n’ icayi. Ni co gituma nashimye kubikorera ng’ aha ».
Vyarateye imbere mu nyuma ahava ashiramwo ibifungurwa, kandi bigenda neza.
Yatanguje amafaranga ashika ibihumbi 40. Gushika muri Kigarama 2022, Goreth yari afise iduka asangiye n’ uwundi irimwo umutahe wababa imiriyoni zibiri z’ Amarundi. Avuga ko biriko biragenda neza cane.
Wa wundi ati Ntakabura imvo!
Goreth yatwiganiye ko yakundanye n’ umuhungu, birashika aca amutera inda. Ni ho havuye iciyumviro c’ ukurondera ico yokora kimusahiriza kugira ngo ashobore kurera uwo mwana. Akavuga ko umugenzi wiwe yari yaciye aja muri Kenya kurondera ubuzima, ariko mu nyuma agaruka babana.
Vyahavuye bigenda neza
N’ ubwo atari hafi, Goreth ngo ntiyigeze agomba kumuhemukira. Avuga ko hari abamuresha ariko akanka.
« Ashitse yarampamagaye, turicara, turaganira. Ni ko kunsaba ko twoja kwandikwa muri komine maze tubane. Sinabitahura ko vyobaho. Ni ho yaca ambwira ko yumvise amakuru meza yanje, ko ntareze amaboko, nagumye ndondera. Twarayaze duhuza ubu turabana mu rugo ».
Kubwa Goreth, vyose vyavuye ku kutagaya ibikorwa, vyose vyavuye mu kwihangana. Ariko kandi, inyigishoza GLID zamwuguruye ubwenge, bituma atahura ko ata kugaya umutahe.
Avuga ko ubu aba babiri bariko barategurira hamwe uwundi mugambi bokora kugira ngo umwe wese asahirize urugo rwabo. Agahanura urwaruka kutarera amaboko.