GLID yifadikanije na Concern Worldwide yarateguye inama y’Abitanga (volontaires communautaires)

Iyo nama yari ishimikimeye k’uburyo bwo guhanahana amakuru, gutorera inyishu amatati n’ico Abo bitanga bagiye gukora. Hakoreshejwe umwimenyerezo w’umunsi w’amasaha 24, abitabiriye inama barerekanyeko abagore bakora amasaha 5 arenga kuyo abagabo. Kuja mu ma bara, amaligala bituma haseseka umwimbu wo mu muryango ndende hakava n’ingeso yo guharika. Harrimana Séraphine wo Ku mutumba Nyabitaka avuga ati: […]
Impamvu nyishi zituma abagabo bankira abagore kuja mu mashirahamwe

Emmanuel Harerima na Hakizimana Clémance,ni rumwe mu ngo 20 kuri 30 zagendewe n’abari mu mashirahamwe yo ku mutumba Gashikanwa muri komine Gashikanwa intara ya Ngozi kandi zigahinduka bivuye ku nyigisho. Barashima impanuro baronse biciye kuri abo bo mu mashirahamwe aho bashoboye kubafasha guhindura ingendo bagatorera inyishu ukudahuza kwari hagati yabo aho umugabo ataha uburenganzira umugore […]
Kinyami, umutumba w’akarorero mu gufashanya.

Ugufashanya mu kibano ngo biri mu bikomeza ikibano.Ivyo nivyo vyatumye ababa kumutumba Kinyami muri komine n’intara ya Ngozi bunga ubumwe muvyo gufashanya.Uwugize ikibazo akabura umuntu adashoboye kuronka amahera y’isandugu ntibemera ko hakoreshwa ikirago ahubwo baca bamufasha kuriha isandugu, bakamuba hafi mukuriha uburyo bwose bukenewe haba gukaraba ndetse nibikurikira bikenewe mu kigandaro. Hagize uwurwara akaja mu […]
uwu mugabo ati « nari mfise ibikomere biteye ubwoba ariko narabivuwe »

Nari meze nk’ igikoko co mw’ ishamba. Petronie Ndabarushimana twari twubakanye ariko twari tubanye nk’ ibikoko. Ntawahuza n’ uwundi, ntitwayaga. Twubakanye mu mwaka wa 1987. Vyaragize ingaruka ku bana bacu Abana bacu bambona nk’ uko ntari umuvyeyi wabo. Ivyo narondera narabinyegeza abana bacu. Jerome Nyandwi avuga ko intandaro y’ ivyo vyose kwari ukubura ikiyago. Umukenyezi […]
yariteje imbere bituma aronka umukunzi yari yipfuza ko babana

Marie Goreth Ndayishimiye, ni umukenyezi w’ imyaka 29. Aba ku mutumba wa Gahombo, muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza. Nk’ umuyabaga, yariyumviriye ico yokora gishobora kumuteza imbere, yiyumvira n’ aho yogikorera. Goreth yaciye ahitamwo gukora ibitumbura n’ imikate, akabikorera hafi y’ ivuriro rya Gahombo nk’ uko yabitwiganiye. Agira ati : « Abagwaje ababo bama […]